Uganda: Bamwe mu bacunga Bobi Wine bakomeretse igihe igipolisi catatanya imyiyamamazo

Bobi Wine ni umwe mu bariko barondera gukura ku butegetsi Perezida Museveni amaze imyaka 34 arongoye ico gihugu
Insiguro y'isanamu,

Bobi Wine ni umwe mu bariko barondera gukura ku butegetsi Perezida Museveni amaze imyaka 34 arongoye ico gihugu

Abantu batari bake bakomeretse muri Uganda igihe abajejwe umutekano bariko basanzaza abanywanyi ba Robert Kyagulanyi, azwi kw'izina rya Bobi Wine, ariko yiyamamariza kurongora ico gihugu, mu karere ka Kayunga, hafi y'umugwa mukuru Kampala.

Bane mu bajejwe imyiyamamazo yiwe bakomeretse. Muri bo harimwo umwe mu bajejwe kumucurarangira, yitwa Dan Magic, yakubiswe mu maso.

Umupolisi ari mu bacungera umutekano w'abari mu myiyamamazo nawe nyene yakomeretse mu mutwe.

Ibi bibaye inyuma y'indwi hafi zibiri abantu bashika 54 bapfiriye mu migumuko yadutse inyuma y'aho uyu muririmvyi yahavuye aba umunyapolitike ahagarikiwe n'igipolisi, maze abanywanyi biwe bagatangura imyiyerekano basaba ko arekurwa.

Bobi Wine yahavuye arekurwa ariko yagirijwe ko yahonyanze amabwirizwa yashizweho n'umurwi ujejwe amatora yo kurwanya ikwirakwira rya ca kiza karanda ca Covid-19.

'Nta munyapolitike n'umwe ari ntakorwako', Museveni

Mu gihe yariko yiyamiriza iyi migumuko, Perezida Yoweri Museveni yaragabishije abanyapolitike bahanganye nawe yagiriza ko bayovya urwaruka bakarusuka mu migumuko.

Mw'ijambo ryiwe yashikirije ku wa Mungu, yavuze ko ivy'uko igihe cose Bobi Wine azoba ahagaritswe hazoca haduka imigumuko bitegerezwa guhagarara.

Ati: "Nta munyapolitike n'umwe ari ntakorwako".

Yaranagirije abanyapolitike bamwe bamwe ko baha amahera imirwi y'abagumutsi batera umudugararo mu duce tumwe tumwe tw'umugwa mukuru Kampala, bagatera abapolisi bari kw'irondo.

Museveni avuga ko ibi bitazigera bisubira kuko ababikoze "bahonjeje ku ngaruka z'ugukina n'umucanwa".

Amatora y'umukuru w'ico gihugu ategekanijwe mu kwa mbere kw'umwaka wa 2021 buca utangura, Bobi Wine akaba ariko arondera gukura ku butegetsi Perezida Museveni amaze imyaka 34 arongoye ico gihugu.