Ethiopia: Ingabo za Tigray 'ziriko ziyegeranya hanze y'umugwa mukuru'

Leta ya Ethiopia ivuga ko mu guhunga abarwanyi ba TPLF bahunganye n'imiryango yabo hamwe "n'abasirikare bafashe mpiri"
Insiguro y'isanamu,

Leta ya Ethiopia ivuga ko mu guhunga abarwanyi ba TPLF bahunganye n'imiryango yabo hamwe n'"abasirikare bafashe mpiri"

Abarwanyi ba leta ya Tigray begukira umugambwe Tigray People's Liberation Front (TPLF), bariko bariyegeranya hanze y'igisagara ca Mekelle - inyuma y'iminsi mike batakaje uyu mugwa mukuru w'iyi ntara.

Ibi ni ibitangazwa n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, yari aherutse gutangaza ko intambara yaheze muri ako karere.

Umukuru w'umugambwe TPLF yatangaje ko ingabo ziwe zizotegerezwa kubandanya intambara, akavuga ko ivyo kurangira kwayo biri kure.

Umushikiranganji wa mbere Abiy amenyesha ko agumiza ijisho kuri abo barwanyi ba TPLF avuga ko bahunze igisagara ca Mekelle.

Yabwiye abashingamateka ati: "Twarababonye hafi ya Hagere Selam, igisagara kiri ku birometero 50 uvuye ku mugwa mukuru w'iyo ntara".

Avuga ko ingabo za leta zitashimye gutera abo barwanyi kubera mu guhunga bahunganye n'imiryango yabo hamwe n'"abasirikare bafashe mpiri".

Umukuru wa TPLF, Debretsion Gebremichael, arahakana ko atari muri ako karere, ariko akaba yemera ko ingabo ziwe ziri hafi yako.

Mu ntango, yari yavuze ko TPLF izobandanya intambara igihe cose igisirikare ca leta ya Ethiopia kizoba kiri ku butaka bwabo.

Abantu baharurwa mu majana ku mpande zompi ni bo boba bamaze kuhasiga ubuzima kuva iyo ntambara yadutse haciye indwi zine.

Umushikiranganji Abiy avuga ko ata basivire bishwe n'ingabo za leta, ariko kubera leta yahagaritse ibintu vyose bijanye n'itumatumanako, biragoye kuronka inkuru y'imvaho kuri ivyo ashikiriza.