HRW yagiriza Tanzania gukubagura impunzi z'abarundi

Tanzania hosts thousands of refugees from Burundi at camps near the border.
Insiguro y'isanamu,

Tanzania ihaye indaro ibihumbi n'ibihumbi vy'impunzi z'abarundi mu makambi yegereye urubibe

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch (HRW), ryagirije abategetsi ba Tanzania guhonyanga bikomeye agateka k'abarundi b'impunzi n'abakirondera ubuhungiro.

Mu cegeranyo caryo, iryo shirahamwe rivuga ko igipolisi ca Tanzania n'abajejwe iperereza banyuruje abantu, bababoreza igufa bongera banabapfunga hadakurikijwe amategeko.

HRW ivuga ko ivyo vyabaye n'imiburiburi ku barundi 11, banarajwe ahantu habi indwi zitari zike ku gituro c'igipolisi ca Kibondo mu ntara ya Kigoma.

Abategetsi ba Tanzania barasubije mu Burundi umunani muri abo aho baciye bapfungwa ata caha bagirijwe, mu gihe abandi batatu baciye barekurirwa muri ico gihugu, nk'uko biri muri ico cegeranyo.

HRW ivuga ko izindi mpunzi indwi n'abandi bariko barasaba ubuhungiro bahagaritswe baca baburirwa irengero kuva mu kwezi kwa mbere uyu mwaka.

Iryo shirahamwe rigira riti: "Reta ya Tanzania itegerezwa kugira amatohoza yihuta kandi ataho yegamye ku bivugwa ko abarundi b'impunzi banyuruzwa, bakubagurwa hanyuma bagashikirizwa abategetsi b'Uburundi hadakurikijwe amategeko, kandi ababifisemwo uruhara babihanigwe."

Impunzi zirenga 150.000 ziba mu makambi ya Tanzania, benshi muri bo bakaba bahunze imidurumbanyo yakurikiye ingingo y'uwari umukuru w'igihugu ico gihe, Pierre Nkurunziza, yo kwitoreza ikiringo kigira gatatu mu 2015.

Mu mpera z'umwaka uheze, Prezida John Magufuli yagendeye ikambi z'abarundi ziri mu karere ka Tanganyika mu ntara ya Katavi ababwira ko hageze ko batahuka kuko iyo baje bava hatekanye.

Yagize ati: "Na Yezu yarahungiye mu Misiri ariko mu nyuma arahunguka aja kwigisha ijambo ry'Imana iwabo.

"Uturere mwavuyemwo dutanguye gutekana, murashobora gutahuka mu mahoro."

Umukuru w'igihugu ca Tanzania yabwiye izo mpunzi ko igihugu ciwe kidashobora kuba icibare co guhungiramwo ibihe vyose.

BBC iracabandanya kurondera abategetsi ba Tanzania n'Uburundi kugira bagire ico babivugako.