Umugwizatunga Rujugiro ashima icemezo ca sentare kuri UTC ngo ariko ntibikwiye

Inyubakwa UTC
Insiguro y'isanamu,

Inyubakwa UTC ya Tribert Rujugiro yagurishijwe icamunara mu Rwanda mu 2017

Umugwizatunga w'Umunyarwanda Tribert Rujugiro avuga ko ashima icemezo ca sentare y'akarere ka Afrika y'Ubuseruko ku vyerekeye inyubako yagurishijwe na leta y'u Rwanda.

Ariko uwo mugwizatunga atakiba mu Rwanda kubera kutumvikana na leta y'ico gihugu, avuga ko kumuha amafaranga atari vyo yashaka kuko adashaka kugurisha.

Iyo nyubako ivugwa ni inyubako izwi nka Union Trade Centre (UTC) iri mu muji wa Kigali iberamwo ibikorwa vy'ubudandaji, izi zizwi mu Congereza nka Shopping Mall.

Sentare y'Ubutungane ya Afrika y'Ubuseruko yafashe icemezo c'uko Bwana Rujugiro ahabwa amafaranga iyo nyubako yagurishijwe akanahabwa ayo yari imaze kwinjiza igihe yari imaze ikora kuva yagurishwa.

Ariko we avuga ko naho ashima ingingo ya sentare, ivyo adashobora kuvyemera kuko agaciro k'iyo nyubako ari kanini cane ugereranije n'ayo yoba ahawe.

Yagize ati: "Umwanzuro narawushimye kuko weretse amakungu ko rirya tegeko bakoresheje na birya vyo kugurisha bitajanye n'amategeko.

"... ngirango umuntu wese azi guharura, inzu yinjiza $1,500,000 ku mwaka, yobona agaciro kayo. Kandi amafaranga bayigurishije ni $6,800,000".

Vyagenze gute?

Mu 2017 ikigo kijejwe amakoli mu Rwanda cafashe ingingo yo kugurisha inyubako UTC ya Bwana Rujugiro kimwagiraza ko agiheraniye amakoli.

Ikigo Kigali Investment Company ni co cegukanye iyo nyubakwa cemeye gutanga amahera arusha ay'abandi (6,877,150,000).

Ku vyerekeye kumwagiriza kutariha iryo koli, Bwana Rujugiro avuga ko sentare yabisiguye neza.

Insiguro y'amajwi,

Amategeko avuga iki ku cemezo ca sentare kuri UTC?

Yagize ati: "Bwa mbere iyo nzu bari bayifise (urwego rushinzwe amakoli) kuva mu 2013. Iryo deni ry'ikoli bavuga ko mfise barizanye mu 2017, bamaranye inzu imyaka ine.

"Noneho waraba amafaranga bafashe yagera ku miriyoni $5 zirenga. Kandi itegeko bagendeyeko ryavuga ko amafaranga yose avuye mu nzu bafashe, 50% bizoja bija muri Banki Nkuru akazohabwa nyene umutungo igihe yoboneka.

"Urumva yuko nibaba bari bafise $2.800.000, ideni rikaba ryari $1.100.000, kuki batafashe muri ayo ngo barihe?"

Abajijwe niba azokwunguruza ku ngingo ya sentare mu gihe we avuga ko adashaka kugurisha inzu yiwe, yavuze ko yabihaye abashingwamanza biwe nihafatwa ingingo akazoyitangaza.

BBC yagerageje kuvugana n'uruhande rwa leta y'u Rwanda ariko batubwira ko ata co bashobora kuvuga kuri ico kibazo.