Trump ashizeho amategeko mashasha ku ngenzi ziva bihugu bimwe vya Afrika – u Burundi burimwo

Trump

Abanyagihugu bo mu bihugu bishika 15 vya Afrika bategerezwa kubanza gutanga ingwati ishika ku madodari 15.000 imbere yo kwinjira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Iyi ni ingingo iri mu mategeko mashasha y'igihe gito yerekeye abashaka gufata ingendo muri Amerika, ikazotangura kuja mu ngiro ku wa 24 z'ukwa cumi na kabiri.

Ubunyamabanga bujejwe imigenderanire bwa Amerika buvuga ko iyi nteguro yo kugeragerezako (programme pilote) izomara amezi atandatu - yerekeye impusha zo mu rwego rw'ubukerarugendo hamwe n'urw'ubucuruzi - ifashwe mu ntumbero yo kurwanya abarenza ikiringo c'impusha bahawe (visa).

Mu kiringo ciwe c'imyaka ine iheze, Perezida Donald Trump aherutse gutsindwa mu matora, yagiye afata ingingo zo kuzibira ingenzi zinjira muri Amerika zivuye mu bihugu bimwe bimwe.

Umukuru w'igihugu aherutse gutorwa Joe Biden yariyemeje guhindura ingingo zitari nke zagiye zifatwa n'uwo agiye gusubirira ku bijanye na politike y'uruja n'uruza muri Amerika.

Iyi ngingo ku bijanye n'amaviza yerekeye ibihugu bifise abantu bavyo "barengeje urugero rwo kuba muri ico gihugu" kuva ku bice 10% no kurenga mu 2019.

Iyi ngwati itegerezwa gutangwa mu kurondera 'visa' irashobora gusubizwa, ikaba iri hagati y'amadorari 5000 na 15000.

Ibihugu bifatwa n'iyi ngingo ni: Angola, Burkina Faso, Tchad, Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, Djibouti, Eritrea, Gambia, Guinée-Bissau, Liberia, Libya, Mauritania, Sudani, Sao Tomé-et-Principe, Cap-Vert n'u Burundi.

Nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, mu gihe vyoboneka ko abanyagihugu bava muri ivyo bihugu barenza uruhusha rwo kuba muri Amerika ku rugero runini, ni abantu bake cane babikomokamwo boronswa impusha zo kwinjirayo.