US iriko izibira Ngozi Okonjo-Iweala, umunyafrika wa mbere kurongora WTO

Ngozi Okonjo-Iweala
Insiguro y'isanamu,

Umupfasoni Okonjo-Iweala w'imyaka 66 niwe mupfasoni wa mbere yabaye umushikiranganji w'ubutunzi hamwe n'uw'imigenderanire wa Nijeriya

Igenwa ry'uwahoze ari umushikiranganji w'ikigega wa Nijeriya kurongora ishirahamwe rijejwe ubudandaji kw'isi, OMC/WTO, rishobora kuburizwamwo inyuma y'aho Leta Zunze Ubumwe za Amerika zankiye iki cemezo.

Ejo ku wa gatatu, umurwi ujejwe kugena abashaka kurongora iri shirahamwe wasavye ibihugu 164 bihurikiye muri iri shirahamwe gushigikira umupfasoni Ngozi Okonjo-Iweala.

Yoba abaye umugore wa mbere kandi umunyafrika wa mbere arongoye WTO.

Ariko Amerika isanzwe inegura imikorere ya WTO mu budandaji mpuzamakungu, ishaka ko iri shirahamwe rirongorwa n'uwundi mugore, umunya Koreya y'Ubumanuko, Yoo Myung-hee, ivuga ko yozana impunduka muri iri shirahamwe.

Umupfasoni Okonjo-Iweala avuga ko "ari iteka rinini cane" kuri we kubona yizigirwa.

Ariko iki gikorwa kimaze amezi ane yose co kugena uwushobora kurongora WTO cahuye n'inzitizi zikomeye igihe Amerika ivugiye ko izobandanya ishigikira uyu mushikiranganji w'ubudandaji wa Koreya y'Ubumanuko.

Mw'itangazo rinegura WTO, ibiro vya Amerika bijejwe ubudandaji, ari navyo bihanura Perezida Donald Trump ku bijanye na politike y'ubudandaji, bivuga ko iri shirahamwe "ritegerezwa kurongorwa n'umuntu nyawe afise uburambwe muri kino gisata".

Umupfasoni Yoo afise "ubuhinga yisangije" nk'inzobere mu bijanye n'ubudandaji kandi "afise ubumenyi bukwiye bwo kurongora neza iri hirahamwe" nk'uko tubisoma muri iryo tangazo.

Ryongerako riti: "Iki ni igihe kigoye kuri WTO n'ubudandaji mpuzamakungu. Mu myaka 25 yose iheze nta biganiro vyigeze bihaba ku bijanye n'ibiciro, integuro yo gukemura ibibazo nta kigenda, hanyuma kandi ibihugu bike cane biri muri iri shirahamwe nivyo vyashoboye gukurikiza ingingo shingiro zijanye no gukorera mu muco. WTO irakeneye cane rwose impinduka".

Hagati aho, muri iri tangazo, nta na hamwe harimwo izina ry'uyu mupfasoni Okonjo-Iweala.

Mu gatondo k'ejo ku wa gatatu, inyuma y'umubonano w'intumwa za WTO wo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n'iri genwa, umuvugizi waryo Keith Rockwell yavuze ko igihugu kimwe gusa ari co kitashigikiye umupfasoni Okonjo-Iweala.

Ati: "Uno munsi, intumwa zose zashigikiye cane rwose ingene igikorwa cagenze ...n'ivyakivuyemwo. Kiretse iz'igihugu kimwe".

'Igikorwa kidasanzwe'

Bwana Trump avuga ko WTO ari "akaga" kandi ko yegamiye ku ruhande rw'Ubushinwa, ni mu gihe hari bamwe bari bagenywe muri iri shirahamwe bamaze guhagarikwa.

WTO yaciye itumako iyindi nama ku wa 09 z'ukwa cumi na rimwe - inyuma y'amatora ya Amerika - kugira ngo basubire bahanahane ivyiyumviro kuri iki kibazo.

Kubona Amerika yanka igenwa ry'uyu munya Nijeriya si ukuvuga ko adashobora kugenwa, ariko Washington ishobora kugira uruhara rukomeye mu gufata icemezo ntabanduka.

Bwana Rockwell yabwiye abanyamakuru ko hashobora gusabwa igikorwa kidasanzwe kugira ngo igenwa ry'uyu mupfasoni Okonjo-Iweala rishigikirwe na bose. Gushika ubu, arashigikiwe n'umuryango w'ubumwe bw'ibihugu vya Bulaya.

Iri shirahamwe ryatakaje uburongozi bwaryo igihe uwari arirongoye Roberto Azevedo atangiye imihoho mu kw'umunani kw'umwaka uheze. Kuva ico gihe, ivyegera bine nibo bafise ibintu mu minwe.

Umupfasoni Okonjo-Iweala w'imyaka 66 niwe mupfasoni wa mbere yabaye umushikiranganji w'ubutunzi hamwe n'uw'imigenderanire wa Nijeriya kandi akaba yaramaze imyaka 25 yose ajejwe ibibazo vy'iterambere mw'Ibanki y'isi yose.

Muri kino gihe, ari mu barongoye urubuga rwa Twitter, akaba arongoye ihuriro rya GAVI rijejwe incanco, kandi akaba n'intumwa idasanzwe y'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO mu rugamba rwo kurwanya Covid-19.

Mu gihe umupfasoni Okonjo-Iweala yogenwa, azoba afise igikorwa kidasanzwe. WTO isanzwe ihanganye n'ikibazo c'ibiganiro vy'ubucuruzi vyahagaze hamwe n'icuka kibi hagati ya Amerika n'Ubushinwa.

Mu ntango z'uku kwezi, yavuze ko uburambe bunini afise mu mu guhindura imikorere bwamutumye aboneka ko ari we nyawe ashoboye gufasha WTO kusubira ku murongo.