Umunyarwanda afungiwe mu Buholandi aregwa jenoside, uruhande rwiwe ruvuga iki?

Joseph Mugenzi
Insiguro y'isanamu,

Joseph Mugenzi

Uwunganira Umunyarwanda ari mu minwe y'ubutungane bw'Ubuholandi avuga ko uwo yunganira yiyamiriza ibisabwa n'u Rwanda vy'uko yorungikwayo.

Ikinyamakuru candikirwa kuri Internet, Northwest Arkansas Democrat Gazette, candika kivuga ko Joseph Mugenzi w'imyaka 71 yafashwe yagirizwa uruhara muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994.

Ico kinyamakuru kivuga ko yagirizwa kwandika urutonde rw'abantu bategerezwa kwicwa.

Kibandanya kivuga ko ari mu minwe y'abajejwe ubutungane mu Buholandi akaba arindiriye kurungikwa mu Rwanda aho azociribwa urubanza.

Uwunganira bwa Mugenzi, Frederieke Dölle, yabwiye BBC ko "ashobora kwemeza ko Bwana Mugenzi yafashwe mu bijanye n'ubusabe bwo kumwohereza bwatanzwe n'u Rwanda kandi ko avyiyamiriza."

Yongeyeko yuko "ata makuru y'inyongera ashobora kutumenyesha muri kino gihe."

Ati: "Mu mezi makeyi, sentare yo mu Buholandi izokwihweza ivyo vyasabwe. Tuzogerageza kubuza iryo rungikwa."

BBC ibandanya gukurikirana ino nkuru ivugana n'abayegereye vya hafi, ikazobamenyesha uko bizogenda.