Turkey igiye kwitwarira Charlie Hebdo yashushanije Perezida Erdogan

Bwana Macron na Bwana Erdogan bagize iminsi baterana amajambo ku bibazo bitari bike
Insiguro y'isanamu,

Bwana Macron na Bwana Erdogan bagize iminsi baterana amajambo ku bibazo bitari bike

Turukiya irarahira ikarengwa ko itegerezwa gufata ingingo "zishingiye ku mategeko n'imigenderanire" ku bijanye n'igishushanyo ca Perezida w'iki gihugu Recep Tayyip Erdogan cerekanywe mu kinyamakuru c'u Bufaransa Charlie Hebdo.

Iki gishushanyo ca Charlie Hebdo cerekana Perezida Erdogan aduza ijipo y'umugore yitwikiriye.

Ibinyamakuru vyegamiye leta bivuga ko abashikirizamanza ba Turukiya batanguye gukora amatohoza kuri iki kinyamakuru gisanzwe candika amakuru atwenza.

Hari icuka kibi hagati y'u Bufaransa na Turukiya inyuma y'aho Perezida Emmanuel Macron atangarije ko agiye gufata ingingo ruhasha ku bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini ya Isilamu.

Bwana Erdogan yahamagariye abanya Turukiya guheba kugura ibidandazwa biva mu Bufaransa, yongera avuga ko Bwana Macron akwiye "gupimwa mu mutwe".

Izi mpari zagize ingaruka kw'isi yose, ivyatumye mu bihugu birwiriyemwo aba Isilamu harimwo Bangladesh, Koweit, Yorodaniya na Libya, banka kugura ibidandazwa biva mu Bufaransa mbere bakora imyiyerekano yo kwiyamiriza u Bufaransa.

Uku kutumvikana kandi kuje inyuma y'aho Bwana Macron atangarije ko agiye guharanira ubwigenge bw'ukwemera inyuma y'ubwicanyi bw'agahomerabunwa bwakorewe umwigisha w'Umufaransa yerekanye ibishushanyo vy'Intumwa Muhammad mw'ishuri.

Perezida Macron avuga ko uyu mwigisha, Samuel Paty, "yishwe kubera Abasilamu bagendera ku vyiyumviro bikaze bashaka kuturwanya", ariko ko u Bufaransa butazigera buheba ibishushanyo vyabo.

Gushushanya Intumwa Muhammad bifatwa nk'umuziro mw'idini rya Isilamu, kandi bikitwa igitutsi mu Basilamu.

Insiguro y'isanamu,

Igishushanyo kirwanya Macron cerekanywe ku rukuta mu gisagara ca Gaza muri Palesitine

Ariko ubwigenge mu bijanye n'ugusenga ni ishingiro ndangakaranga ry'u Bufaransa. Leta ivuga ko kurwanya ubwigenge bw'ugushikiriza ivyiyumviro mu kurondera gukingira amarangamutima y'akarwi kanaka ari ugucanishamwo igihugu.

Turukiya yakiriye gute iki gishushanyo?

Cateye uburakari muri leta ya Turukiya.

Umukuru w'igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro kwa Perezida, Fahrettin Altun, avuga ati:

"Charlie Hebdo casohoye urukurikirane rw'ibishushanyo vyuzuye amasanamu ateye isoni asuzuguza umukuru w'igihugu cacu. Turiyamirije iki gikorwa kigayitse cakozwe n'iki kinyamakuru gikwiragiza ivangura rishingiye ku muco n'urwanko".

Icegera c'umukuru w'igihugu Fuat Oktay yasavye amakungu kwiyamiriza "ibi biterasoni".

Aciye kuri Twitter yanditse ati: "Ntushobora kwifatira abantu mu gahanga winyegeje inyuma y'ubwigenge bw'ugushikiriza ivyiyumviro".

Mu kwishura kuri ibi bishushanyo, ikinyamakuru gitwenza cegereye ubutegetsi bwa Turukiya, Misvak, caciye gisohora amasanamu atari make y'ibishushanyo binegura Bwana Macron na Charlie Hebdo.

Si bwo bwa mbere Charlie Hebdo isohora ibicapo bikavyura induru.

Mu 2015, abantu 12 barishwe mu gitero cakozwe ku cicaro c'iki kinyamakuru ku mugwa mukuru Paris. Catewe n'abantu bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu inyuma yo gusohora ibishushanyo vy'Intumwa Muhammad.

Uwo mwaka nyene, u Burusiya bwaraneguye cane iki kinyamakuru inyuma y'aho gisohoreye ibishushanyo bibiri vyerekana impanuka y'indege ya Sinai yahitanye abantu 224, ahanini bari Abarusiya.

Mu 2016, igishushanyo cerekana abaguye muri nyamugigima mu Butaliyano kikaberekana nk'ibicucume kw'isahani carateye uburakari.

Ibintu bimeze gute mu bihugu vyiyamiriza u Bufaransa?

Ishavu riraniga mu gihugu vya Isilamu vyiyamiriza Perezida Macron abonwa ko ariko arwanya Isilamu n'Intumwa Muhamad.

Ubu burakari bwatumye haduka imyiyerekano, abategetsi bagahamagarira abanyagihugu kudasubira kugura ibidandazwa biva mu Bufaransa, abategetsi b'iki gihugu nabo bagahamagarira Abafaransa bari mu mahanga kwicungera.

Muri Bangladesh, abantu amajana n'amajana bihaye amabarabara biyamiriza u Bufaransa hanze y'umusigiti Baitul Mukarram National Mosque kuri uyu wa gatatu. Abari muri iyo myiyerekano baturiye igishusho ca Macron.

Insiguro y'isanamu,

Abari muri iyo myiyerekano baturiye ishusho ya Emmanuel Macron muri Bangladesh

Ishirahamwe ryitaho ivyo ukwemera muri Maleziyaryongeye risaba ko ibidandazwa biva mu Bufaransa bivanwa mu maduka. Iri shirahamwe, Malaysian Consultative Council (MCC) rivuga ko aka kamo "kazotanga ubutumwa bukomeye ku Bufaransa".

Ibidandazwa biva mu Bufaransa vyakuwe mu buguriro mu bihugu vya Yorodaniya, Qatar, Koweit no mu bindi bihubu bimwe bimwe vyo mu burasirazuba bwo hagati.

Insiguro y'isanamu,

Iki capa kiri ku kaguriro ko mu gisagara ca Amman muri Yorodaniya kibwira abantu ko ibidandazwa biva mu Bufaransa vyiyamirijwe

Umukuru w'igihugu ca Misiri, Abdul Fattah al-Sisi, kuri uyu wa gatatu yavuze ko ubwigenge bw'ugushikiriza ivyiyumviro bukwiye kuvaho mu gihe bukomeretsa imitima y'abantu barenga imiliraridi 1.5 kw'isi.

Mu gihe abategetsi bafise impungenge ku mutekano, ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'u Bufaransa bwateye akamo abanyagihugu babwo bari muri Indoneziya, Iraki na Moritaniya - ibihugu birimwo iyi myiyerekano - bubahanura kwicungera.