Burundi: ihadabu ishobora gushika ku miliyoni ijana ni kimwe mu bihano ruhasha vyo kurwana amasashe

Leta ivuga ko ibikoresho bisubirira amasasha vyamaze gushika mu masoko y'u Burundi
Insiguro y'isanamu,

Leta ivuga ko ibikoresho bisubirira amasasha vyamaze gushika mu masoko y'u Burundi

Leta y'u Burundi itegekanya ihadabu rishobora gushika ku miliyoni ijana ku bazofatwa bahingura imifuko, amasashe, amacupa n'uducupa (flacons) bihinguwe mu bumwanya, ibi bikoresho bikaba bibujijwe kuva ubu mu gihugu.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru mu birori vyo kwugurura ihayanishwa dandazwa ry'ibitekezo bibora kuri uyu wa kabiri i Bujumbura, umushikiranganji ajejwe ibidukikije, uburimyi n'ubworozi, Deo Guide Rurema, yamenyesheje ko ibi biri mw'itegeko nshikiranganji ribuza ihingurwa n'idandazwa ry'utumwanya tutabora.

Mu kwa kabiri uno mwaka, niho ikiringo c'amezi 18 cari catanzwe n'itegeko rya perezida w'iki gihugu categerezwa kurangira, ariko ico gihe abanyagihugu babona ko atakintu cari bwahinduke kugira ngo iyi ngingo yubahirizwe.

Asigura ibihano bitegekanywa n'iri tegeko shikiranganji ryo ku wa 12 z'uku kw'icumi kuwuzorenga ku ngingo ziri muri ryo, Bwana Rurema amenyesha ko kuva ubu bibujijwe gukoresha ibitekezo bikozwe mu tumwanya bikoreshwa rimwe gusa.

Ati: "Uwuzofatwa ahingura imifuko, amasashe n'amacupa n'uducupa (flacons) bihinguwe mu bumwanya (plastiki) kandi bibujijwe azohanishwa ihadabu riri hagati y'amafaranga y'amarundi imiliyoni 50 n'imiliyoni 100.

"Uwuzofatwa aranguye hanze imifuko, amasashe n'amacupa n'uducupa bihinguwe mu bumwanya kandi bibujijwe azotangishwa ihadabu riri hagati y'imiliyoni 25 n'imiliyoni 50.

Insiguro y'isanamu,

Utumwanywa twa plasitki turashobora kumara imyaka 1000 tutarasambuka

"Uwuzofatwa adandaza imifuko, amasashe, amacupa n'uducupa bihinguwe mu bumwanya kandi bibujijwe azorihishwa ihadabu riri hagati y'imiliyoni 12 n'imiliyoni 25.

"Nayo uwuzofatwa akora imifuko n'amasashe bihinguwe mu bumwanya ata ruhusha abifitiye, azohanishwa ihadabu riri hagati y'imiliyoni 25 na 50.

"Ihadabu riri hagati y'imiliyoni 12 n'imiliyoni 25, niyo itegekanijwe ku wuzofatwa arangura hanze imifuko n'amasashe bihinguwe mu bumwanya ataruhusha abifitiye.

"Ihadabu riri hagati y'imiliyoni zibiri n'imiliyoni zitanu z'amafaranga y'amarundi uwo wese acuruza imifuko n'amasashe bihinguwe mu bumwanya ata ruhusha abifitiye".

Insiguro y'isanamu,

Utumwanya twa plastiki tunyanyagiye i Nakuru muri Kenya

Iri tegeko ntiryibagira n'abokoresha ibikoresho bihinguwe bu bumwanya.

Umushikiranganji Deo-Guide Rurema amenyesha ko umuntu wese akoresheje imifuko canke amasashe abujijwe, asubiriye kubikoresha ku mvo iyo ari yo yose canke agata aho ari ho hose igikoresho gikozwe mu bumwanya, ahanishwa ihadabu riri hagati ya 2000 na 5000FBU.

Iyo ari ishirahamwe ryakoze iri kosa rizohanishwa amande ari hagati ya 50.000 na 100.000.

Bwana Rurema amenyesha ko ibitekezo bisubirira ibi bikoresho bikozwe mu bumwanya vyamaze gushika ku masoko y'u Burundi.