Papa Francis yagenye abakardinali bashasha: Harimwo Umunyarwanda Antoine Kambanda

Musenyeri Antoine Kambanda afise imyaka 61
Insiguro y'isanamu,

Musenyeri Antoine Kambanda afise imyaka 61

Papa Francis ahejeje gutangaza amazina y'abakardinali bashasha 13 muri bo hakaba harimwo Musenyeri mukuru wa Kigali, Antoine Kambanda.

Musenyeri Antoine Kambanda ni we Munyarwanda wa mbere agenywe kuba umukardinali.

Muri abo 13, icenda bari munsi y'imyaka 80, bafise uburenganzira bwo kuba mu murwi w'abakardinali bashobora gutora umusubirizi wa Papa mu gihe yokwitaba Imana canke agatanga imihoho.

Musenyeri Antoine Kambanda afise imyaka 61, yavukiye mu Bugesera, mu 2018 nibwo Papa Francis yamugize Musenyeri mukuru (Arkepiskopi) wa Kigali canke umukuru wa Ekleziya Gatolika mu Rwanda.

Kambanda yize amashuri mato n'ayisumbuye mu Burundi, muri Uganda no muri Kenya imbere yo kurangiza ivyigwa vya Tewolojiya muri Seminari nkuru ya Nyakibanda mu Rwanda.

Inyandiko za Ekleziya mu Rwanda zivuga ko mu kwezi kwa cenda mu 1990 aribwo Papa Paul II yamugize umupatiri.

Kuva mu 1993 yagiye kwiga i Roma aho yavanye impamyabushobozi y'ikirenga muri Tewolojiya.

Inyuma y'amashuri yiwe, igihe kinini yari umwigisha muri seminari nkuru ya Nyakibanda, aza no kuyiyobora kugeza mu 2013.

Muri uwo mwaka wa 2013 nibwo Papa Francis yamugize musenyeri wa Diyosezi ya Kibungo kugeza mu 2018 ahabwa amabanga yo kuyobora kiliziya mu Rwanda.

Kardinali ni rwo rwego rukuru rwo mu butegetsi bwa ekleziya umuntu ashobora kugerako imbere yo kuba Papa, umuyobozi wa Ekleziya Gatolika kw'isi.

Ekleziya Gatolika yari isanzwe ifise abakardinali 219, muri abo 29 gusa ni bo bo muri Africa, mu gihe igihugu nk'Ubutaliyano conyene gifise abakaldinali 41.

Ibihugu vya Africa bisanzwe bifise abakardinali ni:

  • Angola (2),
  • Burkina Faso (1),
  • Cameroun (1),
  • Cape Verde (1),
  • Centrafrique (1),
  • DR Congo (2),
  • Ethiopia (1),
  • Cote d'ivoire (1),
  • Misiri (1),
  • Ghana (1),
  • Guinea (1),
  • Kenya (1),
  • Lesotho (1),
  • Mali (1),
  • Amazinga ya Maurice (1),
  • Madagascar (1),
  • Maroc(1),
  • Mozambique (2),
  • Nigeria (3),
  • Senegal (1),
  • Afrika y'Epfo (1),
  • Sudan (1),
  • Tanzania (1)
  • Uganda (1).

Aba bakardinali bashasha 13 batowe na Papa Francis bazemezwa kuri iyo mirimo kw' igenekerezo 28 z'ukwezi kwa 11 nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru gitangaza amakuru ya Vatican.

Muri bo harimwo uwitwa Mauro Gambetti yari asanzwe ari umupatiri.

Mbega abakardinali bafise amabanga nyabaki?

Urwego rw'abakardinali rumeze nka reta ya Papa. Bamwe bakorera i Vatican abandi baguma bakorera mu bihugu vyabo bakajayo igihe batumijwe.

Amategeko abagenga avuga ko Abakardinali igikorwa cabo ca mbere ari ugutora umu Papa mushasha iyo uwusanzwe ahari apfuye canke avuye mu mirimo.

Gusa muri bose, 120 ni bo baba bagize inama itora Papa mushasha.

Bashingwa kandi iyindi mirimo itandukanye harimwo gukurikirana ibikorwa vy'abasenyeri, guhagararira amashuri ya Ekleziya, ivugabutumwa, eka bakagira n'inteko ijejwe sentare zitatu za ekleziya.

Abakardinali ariko kandi baba bajejwe guhagararira diyoseze n'imiburiburi zibiri canke zirenga mu bihugu bakomokamwo.

Abakardinali bambara ibara ry'umutuku kuvyo amategeko ya katolika asobanura ko baba "biteguye kumena amaraso yabo mu gukorera uwo basubiriye intumwa Petero."